mardi 17 juin 2014

ITANGAZO RY’ISHIRAHAMWE RIHARANIRA AGATEKA KABAPFUZWE AVDP “AVDP »



-    Ishirahamwe AVDP rirababajwe kandi ririyamirije ihonyagwa ry’agateka  nakareganyo kariko karakorerwa abapfugwa mukubabuza kuja kwivuza ;

- Ishirahamwe AVDP ryibukije ko uburundi bwateye igikumu kumasezerano mpuzamakungu yubahiriza agateka ka bapfuzwe hadasigaye inyuma uburengazira bwokwivuza ;
-  
  Ishirahamwe AVDP rirasavye  rishimitse ko ubutungane bworekurira MUHIZI Loger akitswe namagara ngo aje kwivuza atarasinzikara ;
-         Kirya kibondo nahocobakirimubakosha ntanumwe arekuriwe kucambura ubuzima ; ababikora bobabibuka ko umuntu asa nuyundi ? Ico utipfuza ko bakugirira ntukakigirire uyundi  ndetse ko ari ikibondo nkabarya babo ;
-         Kwubahiriza ; gukingira no gushiramungiro amateka yo kuvura abapfuzwe bigirwa ubwamberenambere na leta ; niyo kandi itegerewa gushiraho amategeko ahana ababirenzeko 

 Ishirahamwe AVDP rimenyesheje ko umuntu wese ariko ararenganya  izombohe ko bitebebitebuke azobibazwa kuko aba ariko ararenga kw’ibwirizwashingiro ry’uburundi mungingo ya 55 Ivugako umuntu wese afise uburenganzira bwokwivuza ; n’ingingo nyene  ya 19 

 Kwirengagiza n’ibigirankana kutubahiriza kwivuza kwabapfunzwe uburundi buba buriko burikwegera ibihano mpuzamakungu nkuko bitegekanijwe n’amategeko uburundi bwateyeko igikumu ; 


 Leta y’uburundi yarikwiye gukwirikirana abo bose barenga kumasezerano uburundi buba bwariyemeje kwubahiriza mukuyaterako igikumu ;
Igatako ikabahana nkuko Nyakwubahwa umukuru w’igihungu yarivumereye ko umuntu wese azokora amakosha yitwaje ubutegetsi afise azoyahanirwa kugiti ciwe.

TURANGIJE TUMENYESHA KO UMUPFUGWA AGUMANA AMATEKA YOSE KIRETSE KWIDEGEMVYA GUSA.

 KUBW’ISHIRAHAMWE AVDP                                                                                                         
  NINTERETSE Jean Pierre
  PRESIDENT

Aucun commentaire:

Enregistrer un commentaire