- Ishirahamwe
AVDP rirababajwe kandi ririyamirije ihonyagwa ry’agateka nakareganyo
kariko karakorerwa abapfugwa mukubabuza kuja kwivuza ;
- Ishirahamwe
AVDP ryibukije ko uburundi bwateye igikumu kumasezerano mpuzamakungu yubahiriza agateka ka bapfuzwe hadasigaye
inyuma uburengazira bwokwivuza ;
-
Ishirahamwe
AVDP rirasavye rishimitse ko ubutungane
bworekurira MUHIZI Loger akitswe namagara ngo aje kwivuza atarasinzikara ;
-
Kirya
kibondo nahocobakirimubakosha ntanumwe arekuriwe kucambura ubuzima ;
ababikora bobabibuka ko umuntu asa nuyundi ? Ico utipfuza ko
bakugirira ntukakigirire uyundi ndetse ko ari ikibondo nkabarya
babo ;
-
Kwubahiriza ;
gukingira no gushiramungiro amateka yo kuvura abapfuzwe bigirwa
ubwamberenambere na leta ; niyo kandi itegerewa gushiraho amategeko ahana
ababirenzeko
Ishirahamwe AVDP rimenyesheje ko umuntu wese ariko
ararenganya izombohe ko bitebebitebuke
azobibazwa kuko aba ariko ararenga kw’ibwirizwashingiro ry’uburundi mungingo ya
55 Ivugako umuntu wese afise uburenganzira bwokwivuza ; n’ingingo nyene ya 19
Kwirengagiza n’ibigirankana kutubahiriza
kwivuza kwabapfunzwe uburundi buba buriko burikwegera ibihano mpuzamakungu
nkuko bitegekanijwe n’amategeko uburundi bwateyeko igikumu ;
Igatako ikabahana nkuko Nyakwubahwa umukuru
w’igihungu yarivumereye ko umuntu wese azokora amakosha yitwaje ubutegetsi
afise azoyahanirwa kugiti ciwe.
TURANGIJE TUMENYESHA KO
UMUPFUGWA AGUMANA AMATEKA YOSE KIRETSE KWIDEGEMVYA GUSA.
KUBW’ISHIRAHAMWE AVDP
NINTERETSE Jean Pierre
PRESIDENT
Aucun commentaire:
Enregistrer un commentaire